Jump to content

Amateke

Kuva Wikipedia
Isubiramwo ryo kuwa 21:15, 10 Mukakaro 2024 rya NIHEREWENIMANA Richard (ganira | intererano) (Kwongerako)
(Ubudasa) ← Isubirwamwo riheruka | Isubirwamwo ryanyuma (Ubudasa) | Isubirwamwo rikurikira → (Ubudasa)
Amateke
Amateke

Iteke (Colocasia esculenta) ni ikiribwa (igifungugwa) gikomoka ku mugabane wa Aziya yo mu buseruko bushira ubumanuko. Igiterwa c'iteke kirarimwa mu bice vyinshi vyo muri Afirika, ndetse na hano mu Burundi. Ico giterwa camira mu kuzimu gusa. Mu kugisoroma, barafurura mu kuzimu bagakurayo imyaho ( amagoma). Imyaho iba yakuriye kw'iteke ari ryo bita Igoma. Imyaho niyo bafungura bamanje kuyitegura mu guhwata hama bakayiteka. Amagoma rero niyo kandi aheza akaba imbuto igihe bakeneye gutera iteke.

Barafungura kandi amababi y'amateke nayo nyene babanje kuyategura mu kuyateka na Cane Cane babanza kuyanikira. Afungurwa nk'imbogaboga, bakayita Igitikatika.

Araceae Colocasia esculenta 1